Uko wahagera

Ebola Hafi y'Urubibe na Sudani y'Ubumanuko


Abavuzi mu myimenyerezo yo kuvura Ebola ku bitaro vya Bwera i Bwera ku rubibe RDC ihana na Uganda, itariki 12/12/2018.
Abavuzi mu myimenyerezo yo kuvura Ebola ku bitaro vya Bwera i Bwera ku rubibe RDC ihana na Uganda, itariki 12/12/2018.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bemeje ko hari umuntu yanduye Ebola ku bilometero 70 umuntu avuye ku rubibe Republika iharanira demokrasi ya Kongo ihana n’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko.

Ivyo birateye impungenge kubera Sudani yo mu bumanuko ititeguye bikwiriye guhangana n’ikiza ca Ebola hamwe cokwiyadukiza muri ico gihugu.

Inkuru yerekeye umuntu yanduye Ebola hafi ya Sudani yo mu bumanuko yatangajwe uno musi ku wa kabiri n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri ico gihugu.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bemeje iyo nkuru uno musi ku wa kabiri.

Kuva cadutse, ikiza ca Ebola kimaze guhitana abantu barenga 1.500 muri Kongo. Ico kiza kikaba caratandukiye igihugu ca Uganda aho cishe abantu 2 mu kwezi guheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG