Uko wahagera

Ijambo rya Prezida Trump ku Musi w'Ukwikukira Ntiryumvikanwaho


Ingoro Kongre y'Amerika ikoreramo i Washington, DC
Ingoro Kongre y'Amerika ikoreramo i Washington, DC

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, afise imigambi y’uguhimbaza italiki 4 z’ukwezi kw’indwi, mu kwerekana inguvu za gisirikare za Amerika.

Ni umusi Amerika yibuka igihe yaronka intahe yayo y’ukwikukira. Bitegekanijwe ko Prezida Trump ashikiriza ijambo abanyamerika ku musi w’intahe y’ukwikukira ari ku cibutso ca Lincoln i Washington DC. Amerika yaronse iyo ntahe mu mwaka w’i 1776, yikuyeko ubukoloni bw’Abongereza ico gihe.

Mu bihe vya vuba, abaprezida ba Amerika bahisemwo guhimbaza uwo musi mu kugira uruhara mu bikorwa bitarimwo ikuba mu birori vy’uguhimbaza uwo musi bibera mu kibanza citwa, “National Mall”.

Mu bisanzwe nta mugambwe kanaka canke umunyapolitike kanaka ibirori vy’uguhimbaza uwo musi bishimikirako. Ibiherutse gutohozwa vyerekana ko abanyamerika batari bake ata kibanza bafise ku vyuko Prezida Trump ashikiriza ijambo ku musi w’uguhimbaza uwo musi.

Ibice 81 vy’abo mu mugambwe w’abarepublika, ibice 55 kw’ijana vy’abatagira umugambwe bahengamiyeko n’ibice 27 vy’abademokrate barashigikiye ko prezida ashikiriza ijambo ryiwe.

Yamara kubera igikorwa c’ukwiyamamariza amatora yo mu mwaka w’i 2020 kiza caratanguye, bamwe mu bahinga mu vy’amateka bafise impungenge ko Prezida Trump ariko yinjiza politike mu birori vy’uyu mwaka vy’uguhimbaza ukwikukira kwa Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG