Amakuru ava muri Sudani avuga ko abantu bashika kuri 11 bishwe mu myiyerekano iheruka mur'ico gihugu, iri mu rukurikirane rwo gusaba ko intwaro mfatakibanza yegurirwa abasivile.
Igiporisi carateye ivyuka bikoroza amosozi ku bihumbi vy’abanyagihugu bari bashwaye amabarabara ku murwa mukuru Khartoum hamwe no mu bindi bibanza ejo kuw’Imana. Iyindi myiyerekano ivugwa ko yabaye n’ejo kuwa mbere.
I Washington, Reta zunze ubumwe z’Amerika, yaneguye ikoreshwa ry’amasasu yica kubanyagihugu batekanye, kandi abategetsi ba gisirikare babwirizwa kuzobibazwa, nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire ejo kuwa mbere.
Uruhagarara hagati y’abakora imyiyerekano basaba ubutegetsi bw’abasivile hamwe n’abategetsi ba gisirikare rwatanguye kuva habaye ikura ku butegetsi Omar al-Bashir.
Facebook Forum