Uko wahagera

U Rwanda na Uganda Vyaritwariwe kw'Iyugarwa ry'Imipaka


Urubibe rwa Cyanika Uganda ihana n'u Rwanda

Amashirahamwe atatu adaharanira inyungu za politike muri Uganda yaritwariye reta z’u Rwanda na Uganda muri sentare yo mw’ishirahamwe ry’ubuseruko bw'Afrika kw’iyugarwa ry’imipaka ivyo bihugu bihana rikibandanya.

Iryo yugarwa ry’imipama rigeze mu kwezi kwa kane, aho habaye uruhombo runini, atari kuri ayo ma reta abiri gusa, ariko no ku banyagihugu bakora urudandazwa, nkuko umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Kampala, Halima Athumani abishikiriza.

Mu kwezi kwa kabiri itariki 27, niho reta y’u Rwanda yugara imbibe za Gatuna-Katuna muri distrikte ya Kabale na Cyanika muri distrikte ya Kisoro. Haraheze amezi ane, izo mbibe gushika ubu ziracugaye.

Ayo mashirahamwe atatu yo mu karere arimwo ishirahamwe ryo guhanahana amakuru y’ubudandaji ryo mu bumanuko n’ubuseruko bwa Afrika, avuga ko yarungitse ibirego mu kwezi ka gatandatu itariki 21.

Basaba iyo sentare gutegeka u Rwanda na Uganda gufungura imipaka kandi bakorohereza uruja n’uruza rw’abantu n’ibidandazwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG