Uko wahagera

5 Barishwe mu Myiyerekano muri Sudani


Abanyesudani bavyina mu myiyerekano yiyamiriza akanama ka gisirikare karongoye igihugu, i Khartoum, Sudani. Italiki 30/06/2019.
Abanyesudani bavyina mu myiyerekano yiyamiriza akanama ka gisirikare karongoye igihugu, i Khartoum, Sudani. Italiki 30/06/2019.

Umurwi w’abaganga bashikirije ko abantu batanu bishwe abandi batari bake barakomereka bikomeye ku musi w’imyiyerekano ibandanya kwiyamiriza ubutegetsi bwa gisirikare muri Sudani.

Ibihumbi n’ibihumbi vy’abiyerekana barihereje amabarabara muri Sudani ejo ku musi w’Imana biyamiriza intwaro ya gisirikare, aho basaba reta y’abasivile, inyuma y’amezi ashika atatu igisirikare gikuye ku butegetsi perezida Omar al-Bashir.

Iyo myiyerekano y’ejo, yabereye ahanini ku murwa mukuru, Khartoum, aho igikenye c’abasirikare casambuye ibirindiro vy’abakora imyiyerekano kw’itariki 3 z’ukwezi kwa gatandatu, aho abari mur’iyo myiyerekano bavuga ko 128 muri bo bishwe, mu gihe abategetsi bo bemeza igitigiri ca 61 harimwo n’abajejwe umutekano batatu.

Jenerali Mohamed Hamdan Dagalo, icegera c’umukuru w’akanama k’abasirikare karongoye igihugu, yavuze ko abajenerali bipfuza ko haba amasezerano atawe akumira.

Ubumwe bwa Buraya hamwe n’ibihugu bitari bike vyo mu burengero bw’isi basavye abasirikare kwirindi gusesa ayandi maraso.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG