Uko wahagera

Togo mu Matora y'Indongozi z'Ibisagara


Igihugu ca Togo ku musi w’Imana caratunganije amatora ya mbere y'indongozi z'ibisagara, inyuma y’imyaka 32 ico gihugu co mu burengero bwa Afrika gitwarwa n’umuryango umwe, amatora imigambwe nka yose itavuga rumwe n’ubutegetsi yitavye inyuma yo kutitaba ay’abashingamateka yo muri 2018.

Perezida Faure Gnassingbe ari ku butegetsi hafi imyaka 15 kuva asubiriye se amuvyara Eyadema Gnassingbe, yatwaje umukazo imyaka 38.

Guharura amajwi vyatanguye ejo kuw’Imana, nta genekerezo riratangazwa ry’aho ibizoyavamwo bizoshirwa ahabona.

Itangazo rusangi ryasohowe na Reta zunze ubumwe z’Amerika, umuryango w’ubumwe bwa buraya, Ubufaransa hamwe n’Ubudagi ryavuze ko ayo matora ari intambwe igana ku gukomeza demokarasi mur’ico gihugu. Iyi nkuru Ijwi ry’Amerika riyikesha itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG