Uko wahagera

Bombe z'Abiyahuzi Zahitanye Umuporisi Umwe muri Tuniziya


Tunisia

Bombe zibiri zatezwe n’abiyahuzi i Tunis ku murwa mukuru wa Tuniziya zishe umuporisi umwe zikomeretsa abanyagihugu bashika umunani, nkuko abategetsi ba Tuniziya babishikirije. Nta n’umwe yiyitiriye ivyo bitero.

Igitero ca mbere cabereye hagati mu murwa mukuru Tunis hafi ya ambasade y’Ubufaransa, iyo bombe yahitanye ubuzima bw’umuporisi umwe n'abasivile batatu bakomeretse, nkuko bishikirizwa n’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati.

Inyuma y’iminota cumi, uwundi mwiyahuzi yiturikijeko bombe ku gituro ca porisi muri distriket ya al-Qarjani, hakomereka abaporisi bane, nkuko uwo mushikiranganji wabivuze.

Tuniziya caranzwemwo ibitero vy’imihari yitwaje inkoho hamwe n’abiyahuzi inyuma y’ikurwa ku butegetsi rya perezida Zine al-Abidine Ben Ali mu 2011.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG