Uko wahagera

RDC: Igisirikare ca Reta Kirigamba ko Cishe Abarwanyi 17


Abasirikare ba FARDC mu ntara ya Beni, muri Kivu y'uburaruko mu bikorwa vya gisirikare.

Igisirikare ca Congo cashikirije ejo kuwa kane ko cigaruriye agace ko mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Congo kari mu minwe y’abitwaje ibirwanisho, inyuma y’igitero cahitanye ubuzima bwa 17 muri abo barwanyi bagirizwa iyicwa ry’abasivile baharurwa mu macumi.

Amakuru ava mu murwi wa ONU wa Monusco wagiye kubungabunga amahoro muri Congo, unafasha rimwe na rimwe abasirikare ba Congo ku rugamba, washikirije ko ayo makuru ari ay’ukuri.

Monusco yarafashije mu bitero vya kajugujugu kuri uwo muhari w’abarwanyi witwa Ngudjolo. Ibitigiri nyakuri vy’abapfuye ntibiramenyekana.

Igisirikare ca FARDC gishikiriza abarwanyi 17 bapfuye, mu gihe iradiyo ya ONU yashikirije abarwanyi 16 bishwe hamwe n’abasirikare batatu ba reta bishwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG