Urunani rw’abanyesudani rusaba ko igisirikare giha ubutegetsi abasivile rwashikirije ejo kuwa kane ko rwaronse integuro z’amasezerano ya reta mfatakibanza yateguwe na Etiyopiya hamwe n’umuryango w’ubumwe bw’Afrika.
Mu makuru Ijwi ry’Amerika rikesha itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, iyo nteguro isaba ko haba reta yiganjemwo abasivile, ariko ntaco yavuze ku boja mu nama nshingamateka y’imfatakibanza.
Integuro ya mbere yari yateguwe na Etiyopiya yashizeho inama nshingamateka y’imfatakibanza igizwe n’abashingamateka 300, abo mu runani ruharanira ubwiyunge n’ihinduka bagatwara ibice 67 kw’ijana.
Etiyopiya hamwe n’umuryango w’ubumwe bw’Afrika biyemeje gufasha muvya kidipolosiya mu gutorera umuti uruhagarara muri Sudani.
Facebook Forum