Uko wahagera

Abademokrate Baharanira Perezidansi Batanguye Gushikiriza Imigambi


Election 2020 Debate

Abademokrate cumi ba mbere b’abakandida mu kibanza c’umukuru w’igihugu ejo kuwa gatatu kumugoroba baratanguye ubwa mbere gushikiriza imigambi bafitiye igihugu mu rukurikirane rw’imyiyamamazo mu matora yo mu 2020. Bose bahuriza hamwe ko perezida w’umurepublikani Donald Trump adakwiye gutwarira manda ya kabiri.

Nka bose bagarutse ku bibazo bikomakomeye bidasigwa inyuma vy’abimukira, ibibazo vyo kuvuza abanyamerika bose, hamwe n’ihindagurika ry’ibihe


Ku banyamerika, bwabaye ubwa mbere babona igitigiri kingana uko c’abademokrate bashikiriza imigambi mu gice c’ibanze co mu gukuranamwo ku rwego rw’umugambwe.

Abandi bakandida cumi bahava bashikiriza imigambi yabo ku mugoroba wo kuri uyu wa kane, barimwo Joe Biden yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu kuri reta ya Barack Obama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG