Uko wahagera

Libiya: Abasirikare ba Reta Boba Bateye Intambwe mu Ntambara


Ikiduga ca gisirikare ca reta yemewe n'amakungu yaturiwe mu micungararo ya Tripoli, Libiya itariki 28/05/2019.

Abasirikare bashigikiye reta ya Libiya yemewe n’amakungu bashikiriza ko bafashe igisagara co mu bumanuko bwa Tripoli cari mu minwe ya reta batavugarumwe iri mu buseruko.

Abategetsi barimwo n’umushikiranganji wa mbere Fayez al-Sarraj wa reta yavuye mu biganiro bashikirije ejo kuwa kabiri ko bafashe igisagara ca Gharyan mu gitero bubiriye inteko za Jenerali Khalifa Haftar.

Igisirikare ca Haftar cari cahashinze ibiro kandi hari ibitaro hamwe n’igituro c’indege za kajugujugu.

Abasirikare ba Haftar baremeza ko bari mu mirwano i Gharyan ariko banse kwemera ko batakaje ico gisagara.

Imirwano hagati y’ivyo bisirikare bibiri haraheze amezi atari make ibera mu micungararo ya Tripoli aho ata ruhande na rumwe vyagaragaye ko rwateye intambwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG