Uko wahagera

Uburayi Busaba Irani Kwubahiriza Amasezerano


Komiseri w’Ubumwe bwa Bulaya ajejwe imigenderanire n’amakungu, Federica Mogherini, uburyo, arikumwe n'umushikiranganji wa Irani ajejwe, Javad Zarif

Uburaya bwahanuye Igihugu ca Irani ejo kuwa gatatu kubandanya gikurikiza ivyo ciyemeje biri mu masezerano ya Nikleyeli yo mu 2015, mu gishingo co kwihora ku bihano vy’ubutunzi Amerika yongeye kubafatira.

Ambasaderi w’umuryango w’ubumwe bwa Buraya, João Vale de Almeida mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi yashikirije ko uwo muryango hamwe n’amakungu bazobandanya gukora kugira babe hafi Irani mu kugifasha kwubahiriza ivyateweko imikono.

Abanyaburaya bamaze ikiringo kirenga umwaka bakora uko, ubwa mbere bagerageje kugondoza perezida w’Amerika Donald Trump kutavavanura n’ayo masezerano ariko barananiwe hanyuma bariko bagerageza kugumiza Irani muri yo.

Ariko Irani yamye yidoga ko ukuva kw’Amerika mur’ayo masezerano hamwe n’ibindi bihano vyashizweho vyabangamiye ubutunzi bw’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG