Uko wahagera

USA: Robert Mueller Yemeye Kuzobazwa n'Abashingamateka


Robert Mueller
Robert Mueller

Umushingwamanza adasanzwe yakoze amatohoza ku ruhara Uburusiya bwoba bwaragize mu guhungabanya amatora, Robert Mueller yemeye kuzokwitaba mu kwezi kuza umurwi wa sena ukurikirana ibibazo vy’ubutungane hamwe n’uwo abashingamateka ujejwe gukurikirana igendereza.

Abakuru b’iyo mirwi uko ari ibiri batangaje ejo kuwa kabiri ko Mueller azobazwa mu kwezi kwa ndwi, itariki 17, kandi ko bo hamwe n’abanyamerika barindiranye igishika kumwumviriza.

Mueller yakoze amatohoza yamaze imyaka yababa ibiri ku ruhara Uburusiya bwagize mu kwivanga mu matora yo muri 2016 hamwe n’ivyagirizwa perezida Trump ko yabangamiye ubutungane mu gushaka kuburizamwo ayo matohoza.

Raporo yashikirije mu kwezi kwa kane yavuze ko ibikorwa vyo kwiyamamaza vya Trump bitakoranye n’Uburusiya, ariko ntaco yemeje ku kibazo c’uko Trump yabangamiye ubutungane

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG