Uko wahagera

RDC: Igisirikare ca Reta Cishe Abarwanyi 16


Abasirikare ba RDC mu ntara ya Beni ahari abarwanyi b'abaganda ba ADF
Abasirikare ba RDC mu ntara ya Beni ahari abarwanyi b'abaganda ba ADF

Abarwanyi cumi na batandatu barishwe mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, nkuko vyashikirijwe n’igisirikare ejo kuwa kabiri, ako karere niko kafiriyemwo abashika 160 abandi baharurwa mu bihumbi amajana barahunga mu ndwi zibiri zirangiye.

Umuvugizi wa gisirikare, Lieutenant Jules Tshikudi yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa ko ivyo bitero vyagabwe ku birindiro vy’abo barwanyi muri segiteri ya Walendu Pitsi.

Izina ry’umuhari watewe ntiwatangajwe ariko ako karere kamye karangwa n’ubwicanyi bufatiye ku moko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG