Uko wahagera

Boko Haram Yishe Abasirikare 11 ba Chad


Abasirikare ba Chad bariko barakizura mu ntara ya Tibesti, hafi ya Bardai, muri Chad
Abasirikare ba Chad bariko barakizura mu ntara ya Tibesti, hafi ya Bardai, muri Chad

Abasirikare bashika 11 b’igihugu ca Chad barishwe mu gitero cegekwa ku muhari w’iterabwoba Boko Haram ku kiyaga Chad, nkuko vyashikirijwe n’abategetsi ku musi w’Imana.

Umutegetsi muri ako karere yashikirije ko mu basirikare bapfuye barimwo batatu b’intwazangabo kandi ko n’abarwanyi 26 ba Boko Haram bishwe mu mirwano yabereye Tchoukoutalia inyuma y’aho abasirikare bafatiye inka abo barwanyi bari bivye.

Kuva mu 2018, umuhari Boko Haram umaze kugaba ibitero icenda muri Chad. Ariko uwo muhari wahavuye utandukira kugaba ibitero hanze muri Nigeriya inyuma y’agahengwe mu mwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG