Igitero c’aba Houti bo muri Yemeni ku kibuga c’indege mu bumanuko bwa Arabiya Sawudite cahitanye ubuzima bw’umuntu umwe, abandi indwi barakomereka, nkuko vyashikirijwe n’urunani rwa gisirikare rurongowe na Arabiya Sawudite ejo kuw’Imana.
Abategetsi bw’urwo runani bashikirije ko ikibuga c’indege Abha catewe, ariko ntibavuze ko hakoreshejwe Misile canke indege yo mu bwoko bwa drone.
Aba Houti barateye iyindi misile kur’ico kibuga c’indege ca Abha mu ndwi iheze, hakomereka abantu 26. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch ryaraneguye ico gitero kubwabo babona ko ari icaha co mu ntambara kandi Arabiya Sawudite yemeza ko igiye kuzokwihora.
Urunani rurongowe na Arabiya sawudite ruriko rufasha reta ya Yemeni kwirukana ku murwa mukuru Sana aba Houti bafashwe mu mugongo na Irani.
Facebook Forum