Uko wahagera

Ubutegetsi bwa Sudani Bwakomboye Umushikirizamanza Mukuru


Jenerali Abdel-Fattah Burhan, arongoye akanama karongoye igihugu ivy'imfatakibanza
Jenerali Abdel-Fattah Burhan, arongoye akanama karongoye igihugu ivy'imfatakibanza

Abasirikare bari ku butegetsi vy’imfata kibanza muri Sudani kuri uno wa kane bakomboye mu mabanga umushikirizamanza mukuru w’igihugu.

Ikinyamakuru ca Reta, Suna, dukesha ino nkuru ntigitomora ico Al-Walid Sayyed Ahmed yahowe.

Hari haheze iminsi yagirije ibiturire uwahoze ari Prezida wa Sudani Omar al-Bashir yongera anashinga umurwi ujejwe gutohoza ku vyagiriji vy’uko abasirikare boba bararashe n’impaka abanyagihugu bamaze igihe bagandagaza ahari ibiro bikuru vya girikare ku murwa mukuru Khartoum basaba ko ubutegetsi buhabwa abasivile.

Hambavu y’uwo murwi w’amatohoza washizweho n’ibiro vy’umushikirizamanza mukuru, abasirikare nabo bishiriyeho uwabo. Iyo mirwi yompi ntaco iratangaza ku matohoza yayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG