Uko wahagera

Abigaragamvya muri Venezuela Barasaba ONU Kwitaho Agateka Kabo


Abanyagihugu muri Venezuela bakurikirana uwigize perezida w'imfatakibanza, Juan Guaido mu myiyerekano i Caracas, Venezuela, itariki 28/03/2019.
Abanyagihugu muri Venezuela bakurikirana uwigize perezida w'imfatakibanza, Juan Guaido mu myiyerekano i Caracas, Venezuela, itariki 28/03/2019.

Muri Venezuela, abanyagihugu ku murwa mukuru Caracas bazindutse mu myiyerekano basiguye ko igamije guhamagarira ONU kwitaho ikibazo c’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu n’ubukene bubugarije.

Ni imyiyerekano yatunganijwe mu gihe umukuru w’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano, Michelle Bachelet, ariko agendera ico gihugu.

Abakoze imyiyerekano bongeye kwagiriza reta ya Nicolas Maduro ko ari yo iri inyuma y’ico bise amahano bamazemwo iminsi. Babwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko biteze vyinshi ku rugendo rw’uwo mutegetsi. Ivyo birimwo ukugondoza Maduro agatanga ubutegetsi akongera akarekura infungwa za politike.

Reta muri Venezuela ntiyemera ko hari abanyagihugu bafungiwe politike. Ni mu gihe mu mashirahamwe yigenga bo bemeza ko n’imiburiburi 700 bafunzwe bazira ivyiyumviro vyabo vya politike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG