Uko wahagera

Igisirikare ca Sudani Kirasaba Ibindi Biganiro


Ethiopian Prime Minister Abiy Ahmed meets Sudan's Head Of Transitional Military Council,
Ethiopian Prime Minister Abiy Ahmed meets Sudan's Head Of Transitional Military Council,

Umutegetsi wa gisirikare arongoye Sudani yahamagariye indongozi z’abari mu myiyerekano gusubira mu biganiro vyo gutanga ubutegetsi ata gisabwe, mu gihe icuka kibi hagati y’izo mpande zibiri kitaracureha, inyuma y’ubwicanyi buhitiye kubari mu myiyerekano.

Jenerali Abdel Fattah al-Burhan yashikirije ko hakenewe inyishu ishimisha abanyagihugu bose, yabishikirije i Khartoum kuri televiziyo y’igihugu ejo kuwa gatatu. Yavuze kandi ko igihugu kimaze amezi atatu kitagira reta, ko abanyagihugu ba Sudani hamwe na politike mpuzamakungu vyahungabanijwe n’ikena rya reta kandi ko badakeneye ko hoba iyindi Coup d’etat.

Mu gihe ukutumvikana hagati y’izo mpande zibiri kwunyutse inyuma y’ubwicanyi bwo kw’itariki 3 z’ukwezi kwa gatandatu, umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed yarafashije mu twigoro aho abatumvikana basubiye ku meza y’ibiganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG