Uko wahagera

Abimukira 20 Barabuzwe Irengero muri Mediterane


Umwimukira ari muri 58 bafatiwe mu bwato, bariko baratabarwa kw'izinga rya Canary muri Espagne, itariki 30/05/2016.

Abimukira bashika 20 barabuzwe irengero mw’ibahari Meditarane, inyuma y’ibikorwa vyo kubatabara vyashoboye kurokora 27 mu bwato bwibiye mu mazi, nkuko vyashikirijwe n’abasirikare ba Espagne bacungera inkengera z’amazi ejo kuwa gatatu.

Umuvugizi w’ico gisirikare yavuze ko ubwo bwato bwari mu mazi hagati y’uburaruko bwa Maroke na Espagne ejo kuwa gatatu. Abarokowe barimwo abagore babiri hamwe n’umukobwa.

Mw’ibahari Mediterane, abimukira 569 baramaze gupfa kuva mu kwezi kwa mbere, 173 muri bo bariko bashaka kuja muri Espagne, nkuko ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM ribivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG