Perezida wa Amerika Donald Trump yaratanguje ku mugaragaro ibikorwa vyo kwiyamamariza manda ya kabiri mu myiyamamazo yabereye mu gisagara ca Orlando, muri reta ya Florida, imwe mu ma reta atagira aho ihagaze mu gushigikira uyu mugambwe canke uwundi. Reta ya Florida yamuhaye amajwi menshi mu 2016.
Mu gihe yishimikiye kuvyo yakoze nk’ubutunzi bwateye imbere, n’umutekano ku mbibe, Trump kandi yaraneguye abo atavugarumwe bo mu mugambwe w’abademokrate kuba intagondwa zagerageje kumusenyura hamwe n’umuryango wiwe.
Perezida Trump yashikirije kandi n’amatagisi yashinze kubijanye n’ibidandazwa vyinjira mu gihugu, atibagiye no gutuma urutoke ibinyamakuru hamwe n’abademokrate kuba bagize ikibazo c’Uburusiya imvugo yabo ya misi yose hamwe n’ibindi bibazo vyaranze intwaro yiwe.
Muri uko gutanguza ku mugaragaro ivyo bikorwa vyo kwiyamamaza, Trump yari yaherekejwe n’umutambukanyi wiwe, Melania Trump hamwe n’icegera ciwe, Mike Pence ari kumwe n’umukenyezi wiwe.
Facebook Forum