Uko wahagera

USA: Amatoni 16 ya Cocaine Yafashwe ku Kivuko muri Philadelphia


Konteneri z'ibidandazwa ku kivuko ca Philadelphia, USA

Abategetsi muri Reta zunze ubumwe z’Amerika batangaje ko hafashwe ibiyayura mutwe vyinshi vyo mu bwoko bwa Cocaine bitari vyigere bifatwa kuri urwo rugero muri kahise k’Amerika.

Inyamiramabi ejo kuwa kabiri zarafashe amatoni arenga imiliyoni 16 za Cocaine zari mu bwato ku kivuko mu gisagara ca Philadelphia. Ivyo biyayuramutwe bivugwa ko bifise agaciro kababa umuriyaridi umwe w’amadolari.

Ivyo biyayuramutwe vyari binyegejwe muri konteneri indwi kandi harafashwe n’abari muri ubwo bwato.

Ubwo bwato bwashitse mu gisagara Philadelphia mu gatondo ko kuwa kabiri, inyuma yo guhagarara muri Chili, Panama, na Bahamas. Bwari mu nzira bugana ku mugabane wa Bulaya.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG