Uko wahagera

Itumanaho rya Interineti Ryaraciwe muri Etiyopiya


Iminsi umunani irarumanye imirongo y'itumanaho rya interneti icitse ku mirwa mikuru y’intara zitandukanye muri Etiyopiya.

Ishirahamwe Ethio Telecom risa nk’iryisangije isoko ryo gutanga internet muri ico gihugu ryirinze kugira ico ritangaje ku coba cateye ico kibazo. Umukuru waryo Cherer Aklilu yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko icabitumye kizotangazwa mu mpera z’ino ndwi.

Guca interneti muri Etiyopiya bikunze kwibonekeza mu gihe haba hariko hakorwa ibibazo vya reta mu mashure atandukanye. Mu 2017 abategetsi bavuze ko bayiciye n’impaka kugira birinde ko ibibazo vyibwa. Ntibiratomoka nimba n'ubu ari co coba cabiteye.

Abakorera mu bisata bitandukanye birimwo ukudandaza bavuze ko uruhombo ari runini.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG