Uko wahagera

Icegera c'Umukuru wa CENI muri RDC Yatanze Imihoho


Norbert Basengezi, icegera c'umukuru wa CENI muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo.
Norbert Basengezi, icegera c'umukuru wa CENI muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo.

Icegera c’umukuru wa komisiyo ijejwe amatora muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo yaratanze imihoho ejo kuwa mbere, mu gihe uwo mutegetsi ari ku bihano yafatiwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika, inyuma yo kwagirizwa ko yadindije gutangaza ivyavuye mu matora yo mu mwaka uheze.

Ico cegera c’umukuru wa CENI ya Kongo, Norbert Basengezi yashikirije urwete rwo gutanga imihoho perezida Tshisekedi hamwe n’umukuru w’iyo komisiyo, nkuko bishikirizwa n’umwe mu bategetsi ba CENI.

Ariko uwo mutegetsi amenyesha ko kugira urwo rwete rwemerwe, umukuru w’igihugu n’umukuru wa CENI bompi bazobanza kumwemerera.

Mu kwezi kwa gatatu, ubushikiranganji bw’Amerika bw’ikigega bwafatiye ibihano Basengezi hamwe n’abandi bategetsi babiri ba CENI, bagirizwa kubangamira amatora muri RDC.

Amerika yagiriza Basengezi gukingira ikibaba abategetsi babiri ba CENI bakoresheje amafaranga y’urwo rwego ku nyungu za poritike n’inyungu zabo bwite.

Bose uko ari batatu barahakanye ivyo vyagiriji.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG