Uko wahagera

Amerika n'Ubuhindi mu Ntambara y'Ibidandazwa


Amakonteneri y'ibudandazwa ku kivuko c'i Mumbai mu Buhindi

Igihugu c’Ubuhindi congereje amatagisi ku bidandazwa 28 biva muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, mu gihe icuka kibi ku guhanahana ibidandazwa hagati y’ivyo bihugu bibiri kirushiriza kwiyongera.

Iyo ngingo y’Ubuhindi ije haheze imisi Washington ikuye New Delhi ku rutonde rw’ibihugu vyari vyaratoneshejwe mu kwemererwa ko ibidandaza vyavyo vyinjira muri Amerika.

Uku kwihorana mu guhanahana ibidandazwa kuje imbere y’urugendo umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Mike Pompeo ategekanya kugira i New Delhi mu mpera z’uku kwezi, rugamije kugondoza Ubuhindi kugira bwemere ko amakompanyi y’Amerika ahabwa uburenganzira bwo kwinjira mw’isoko ry’Ubuhindi no kugabanya inzitizi.

Abahinga bafise amakenga ko ico cuka kibi ciyongera gishobora gutosekaza imigenderanire hagati y’Amerika n’Ubuhindi, yari itumbereye kwegezayo Ubushinwa bufise umuvuduko udasanzwe mu kuvogera amasoko mu makungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG