Uko wahagera

Umushikiranganji wa Peterori muri Sudani y'Epfo Yakuwe mu Mabanga


Umushikiranganji wa Sudani y'epfo wa peterori, Ezekiel Lol Gatkuoth, mu kiganiro n'abanyamakuru i Juba,Itariki 10/10/2017.

Perezida wa Sudani y’ubumanuko Salva Kiir yarahagaritse mu mabanga umukuru aramutswa ubushikiranganji bukomeye bwa peterori, ari nayo yinjiza ibice birenga 90 vy’amafaranga reta ikoresha.

Perezida Kiir yasohoye iryo tegeko ryo gukura mu mabanga Ezekiel Lol Gatkuoth ejo kuwa kane mu kibanza yari amazemwo imyaka itatu, amusubiriza na Awow Daniel Chuang.

Nta mvo yatanze yatumye amukura, ariko umuhinga mu vya poritike akorera ku murwa mukuru Juba yavuze ko Gatkouth yakuwe kuko atashira ahabona ingene amahera y’ubwo bushikiranganji akoreshwa kandi ashobora kuba yararenze amategeko ajanye n’ingene amafaranga abikwa mu banki ya reta.

Mwomenya ko Sudani y’ubumanuko yimbura utugunguru twa peterori 175,000 ku musi, nkuko bishikirizwa na reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG