Uko wahagera

Sudani, Ubuzima Bwongeye Gutangura i Khartoum


Abanyagihugu mu mabarabara ya Khartoum
Abanyagihugu mu mabarabara ya Khartoum

Imirimo y’abikorera utwabo hamwe n’uruja n’uruza rw’abantu mu mabarabara yo ku murwa mukuru wa Sudani Khartoum vyarasubiye nkuko vyahoze kera, inyuma y’aho indongozi z’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bafatiye ingingo yo guhagarika kugarariza ubutegetsi no guhagarika imyiyerekano.

Abakora imyiyerekano hamwe n’akanama k’abasirikare karongoye igihugu bategekanya gusubira ku meza y’ibiganiro bigamije kwegurira ubutegetsi abasivile.

Igisirikare cafashe ubutegetsi inyuma y’aho perezida Omar al-Bashir agondorejwe akabuvako mu kwezi kwa kane, baremeye kurekura imbohe za poritike, nkuko intumwa idasanzwe ya Etiyopiya Mahmoud Dirir yabibwiye abamenyeshamakuru.

Reta zunze ubumwe z’Amerika, ku rundi ruhande, yaragenye umudiplomate Donald Booth kuba intumwa yayo idasanzwe muri Sudani. Booth yarigeze kuba intumwa idasanzwe muri Sudani na Sudani y’ubumanuko kuri reta ya Obama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG