Uko wahagera

Afuganistani Yarekuye Imbohe Zirenga 800 z'Abatalibani


Imbohe z'Abatalibani muri Afuganistani
Imbohe z'Abatalibani muri Afuganistani

Mu twigoro two gutera intege abarwanyi b’abatalibani guhamvya ibiganiro vy’amahoro muri Afuganistani, reta y’ico gihugu muri iyi ndwi yaratanguye kurekura imbohe zirenga 800 z’Abatalibani zafatiwe ku rugamba.

Abategetsi bavuga ko iyo ngingo yafashwe bamenye neza ko abo bari bapfunzwe badasubira ku rubuga rw’intambara. Bavuga kandi ko kurekura izo mbohe zose bishobora kuzofata amezi arenga abiri.

John Bass, ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika muri Afuganistani, yakiriye neza utwo twigoro twa reta two gushiraho icuka ciza ca poritike.

Mw’itangazo basohoye ku musi wa kabiri, Abatalibani nabo barashimye iyo ngingo ariko bavuga ko 261 mu barekuwe ari ababo, abandi basigaye ngo reta yabafashe yisunze amakuru adatohoje neza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG