Uko wahagera

Amerika Igiye Kurungika Abandi Basirikare 1.000 muri Pologne


Perezida Donald Trump na mugenzi we wa Pologne Andrzej Duda baramukanya bagira baganire n'abanyamakuru. Washington, itariki 12/06/2019
Perezida Donald Trump na mugenzi we wa Pologne Andrzej Duda baramukanya bagira baganire n'abanyamakuru. Washington, itariki 12/06/2019

Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’igihugu ca Pologne barasinyiye hamwe itangazo ryemeza ko bagiye gukorera hamwe mu vya gisirikare.

Perezida Trump ejo ku musi wa gatatu, hamwe na mugenzi we wa Pologne Andrzej Duda, yatangaje ko abandi basirikare b’Amerika 1000 bagiye kuzorungikwa muri Pologne.

Perezida Duda wa Pologne yashikirije ko mu gihugu ciwe hasanzweyo abasirikare b’abanyamerika 4500 bama bakabukanya n’abandi, ariko ko urwandiko bateyeko imikono ari inzira yo kwongereza abandi.

Ariko abo bategetsi babiri birinze gutangaza ko abo basirikare b’Amerika bazoguma muri Plologne ubutakigaruka, mu gutinya ko vyohava birakaza Uburusiya.

Pologne kiri mu bihugu indwi vyo mu runani NATO bimaze gushitsa intererano isabwa ishika kuri 2% y’amafaranga akoreshwa mu kwivunira umwansi hamwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG