Uko wahagera

Kuki Abanyagihugu Bari mu Myiyerekano muri Liberiya?


Aha ni mu mabarabara y'umugwa mukuru Monronvia wa Liberiya
Aha ni mu mabarabara y'umugwa mukuru Monronvia wa Liberiya

Abanyagihugu muri Liberiya kuri uno wa gatanu bazindukiye mu myiyerekano yo gusaba ico bise “ubuzima bushemeye”.

Iyo myiyerekano yabereye ku murwa mukuru Monrovia yari yahamagajwe haraheze amezi abiri n’amashirahamwe adakiranira ivyicaro vya politike ari kumwe n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.

Itororokanirizo ry’Amakuru y’Abafaransa, AFP, ritangaza ko naho imbuga zo guhanahana amakuru nka Facebook na Twitter zari zaciwe, imyiyerekano muri rusangi ata kibazo cayiranzwemwo.

Abakurikiranira hafi politike ya Liberiya bavuze ko bafise impungenge ko hashobora kwaduka imvururu zitewe n’abanyagihugu badashima uko babayeho kubera ubukene burengeje.

Agishika ku butegetsi mu 2018 Prezida George Weah yemereye abanyagihugu kuzorwanya ubukene, ibiturire, gukomeza umutekano no kubahiriza uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro harimwo gukora imyiyerekano

Ejo yamara Prezida Weah yumvikanye agabisha abategura imyiyerekano aho yavuze ko ubutetegsi bwiwe butazokwigera bwihanganira uwo wese azotyoza uyundi canke akagumura abanyagihugu

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG