Uko wahagera

Etiyopiya Iragerageza Guhuza Igisirikare n'Abasivile muri Sudani


Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed yakirwa i Khartoum muri Sudani

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed yashitse ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum, aho agiye kugerageza kwumvikanisha Abanyesudani mu mvururu bamazemwo iminsi bivuye ku basirikare banse guha ubutegetsi abasivile.

Abiy Ahmed agishika yabonanye n’abategetsi bo mu gisirikare. Vyitezwe ko ahava abonana n’abaserukira abatunganije imyiyerekano yatumye Prezida Al-Bashir yeguzwa mu kwezi kwa kane k’uno mwaka.

Umurwi w’abaganga begereye uruhande rw’abakoze imyiyerekano watangaje ko abanyagihugu bahitanywe n’amasasu y’abasirikare bariko bagerageza kubavana ku cicaro cabo aho bamaza iminsi bagandagaje bageze ku 113. Mw’itangazo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwasohoye bwabeshuje ivyo bitigiri buvuga ko abaguye muri izo mvururu ari 46.

Hagati aho ejo ku wa kane umuryango w’ubumwe bwa Afurika wafashe ingingo yo kuba urahagaritse Sudani nk’umunyamuryango kugeza aho abasirikare bazohera ubutegetsi abasivile.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG