Uko wahagera

Imyaka 75 Iraheze Hatangijwe Urugamba Rwo Kurwanya Abanazi


Mu Bwongereza kuri uyu wa gatatu habaye ibirori vy’ukwibuka imyaka 75 iheze urunani rw’inteko zari ziyobowe na Amerika zinjira ku butaka bw’igihugu c’Ubufransa mu rugamba rw’ugutuza aba Nazi mu karere k’i Bulaya.

Ivyo birori vyabereye mu gisagara ca Portsmouth mu bumanuko bw’Ubwongereza.

Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May vyasohoye itangazo rihayagiza ukugene amakungu yakoreye hamwe mu gikorwa c’ugushikana inteko z’urunani rwari ruyobowe na Amerika mu karere ka Normandie mu Bufransa. Avuga ko ico gikorwa cagize uruhara rukomeye mu kiringo c’ingwano ya kabiri y’isi yose.

Umwamikazi Elizabeth w’Ubwongereza, nawe nyene yitavye ibirori vy’ukwibuka igihe inteko ziyobowe na Amerika zashika mu karere ka Normandie. Harimwo n’ukugendera abasekombata b’ico gihe ari kumwe na prezida wa Amerika, Donald Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG