Uko wahagera

Abigaragambya Muri Sudani Banze Guhura n'Igisirikali


Umunyasudani wigaragambya imbere y'ibiro bikuru bya gisirikali
Umunyasudani wigaragambya imbere y'ibiro bikuru bya gisirikali

Abayoboye abari mu myiyerekano mu gihugu ca Sudani biyamirije akamo katewe uno musi ku wa gatatu k’ukugirana ibiganiro n’abarikare bakuru bayoboye ico gihugu.

Abayoboye abari mu myiyerekano bavuga ko ata shaka abo basirikare bafise ku vyerekeye ibiganiro mu gihe inteko za Reta zibandanya kurasa n’ukwica abari mu myiyerekano.

Inguvu z’umurengera zakoreshejwe n’gisirikare vyahitanye ubuzima bw’abantu 60 muri iyi ndwi.

Umuvugizi w’abari mu myiyerekano yatangaje ko ahubwo bazobandanya urugamba rwabo rw’ukuremera igisirikare kugira gishikirize ubutegetsi abasivile.

Mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu, umutegetsi mukuru w’urwego rwa gisirikare ruyoboye igihugu muri iki gihe, Generali, Abdel-Fattah Burhan yavuze ko abasirikare bakuru biteguriye gusubira kubandanya ibiganiro n’abayoboye imyiyerekano imaze amezi atari make ibera mu mabarabara.

Generali Abdel-Fattah Burhan avuga ko biteguriye kugirana ibiganiro n’impande zose ku neza y’igihugu. Yamenyesheje ko abagize uruhara mu bwicanyi bwakozwe ku bari mu myiyerekano ku murwa mukuru, Khartoum, bazobibazwa.

Imbere yaho, Generali Abdel-Fattah Burhan yari yahagaritse ibiganiro n’ingingo zose zari zimvikanyweko hagati y’igisirikare n’urunani rw’abaserukira abari mu myiyerekano.

Uwuvugira urwo runani, Mohammed Yousef al-Mustafa yatangaje ko abari mu myiyerekano biyamirije bivuye inyuma akamo katewe na Generali Abdel-Fattah Burhan.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG