Uko wahagera

Imisozi Yasenyutse Yahitanye Batanu Muri Uganda


Imvura yangije vyinshi mu gace ka Bududa mu mwaka wa 2018
Imvura yangije vyinshi mu gace ka Bududa mu mwaka wa 2018

Ishami ry’ishirahamwe rijejwe gutabara rikorera mu gihugu ca Uganda, ritangaza ko abantu batanu bapfuye igihe imisozi yasenyuka kubera imvura y’isegenya mu gice co mu buseruko bw’igihugu.

Abandi batari bake bavurwa ko irengero ryabo ritazwi.

Ishami, Croix Rouge, ryamenyesheje uno musi ku wa gatatu ko abakozi baryo batoye ibiziga vy’abantu mu vyondo babashikiriza igipolisi.

Julius Mucunguzi, avugira ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, amenyesha ko irengero ry’abantu 10 ritazwi, kandi ko abantu batari bake bavuye mu zabo.
Imihana itari mike mu gice ca Bududa mu buseruko bw’igihugu yegereye umusozi Elgon barashikirwa kenshi n’isenyuka ry’imisozi. Abantu barahasiga ubuzima uko umwaka utashe mu gihe c’imvura.

Reta y’igihugu ca Uganda isaba iyimurwa rya bamwe mu baba muri ako karere. Yamara hari bamwe muribo bashaka kuguma muri ako karere ka basekuru babo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG