Uko wahagera

ONU Irasaba ko Ubutegetsi Buhabwa Abasivile muri Sudani


Inama ya ONU ijejwe umutekano ishashe mu nama yayo, mu kwezi kwa kane, 31, 2019.
Inama ya ONU ijejwe umutekano ishashe mu nama yayo, mu kwezi kwa kane, 31, 2019.

Inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe amahoro n’umutekano yarakoranye mu mwiherero ku kibazo ca Sudani inyuma y’aho igisirikare kiri ku butegetsi gitangaje umugambi wo gutunganya amatora inyuma y’aho ciciye abantu bashika 40.

Ubudagi n’Ubwongereza bwasavye ibiganiro vyihuta ku bwicanyi bubera i Khartoum aho abajejwe umutekano basamburiye imirwi y’abari mu myiyerekano yiyamiriza ubutegetsi bwa gisirikare.

Ubudagi buranegura umugambi w’akanama ka gisirikare karongoye igihugu muri Sudani wo gutunganya amatora mu mezi icenda, mu kuvuga ko icuka atari ciza kugira hatunganywe amatora mu gihugu.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres ku musi wa mbere yaraneguye ikoreshwa ry’inguvu ry’abajejwe umutekano muri Sudani. Guterres asaba ko ibiganiro vyongera gutangura kugira ubutegetsi buhabwe abasivile.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG