Uko wahagera

Amatora ya Perezida Yigijwe Imbere muri Aljeriya


FILE - A man gestures during an anti-government protest in Algiers, Algeria, May 31, 2019.

Inama y’igihugu ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro muri Aljeriya yashikirije ejo kuw’Imana ko bidashoboka ko hatunganywa amatora y’uwuzosubirira Abdelaziz Bouteflika yari ategekanijwe mu kwezi kuza kw’indwi itariki 4. Ivyo vyashikirijwe inyuma y’aho amazina y’abakandida babiri bari bamaze kwiyandikisha yasubijwe inyuma.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’indwi zari ziheze hari imyiyerekano yasaba abategesi kwigizayo ayo matora.

Perezida w’imfatakibanza Abdelkader Bensalah niwe agiye kuzotumako umurwi utunganya amatora kandi aheraheze ivy’ayo matora gushika umukuru w’igihugu mushasha arahiye, ivyo vyashikirijwe n’inama yubahiriza ibwirizwa shingiro.

Ayo matora yariyamirijwe bikomeye n’abanyagihugu muri Aljeriya, basaba akagwi k’abategetsi bahoze gakorana na Bouteflika gukinjura muri politike imbere yuko hatunganwa ayandi matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG