Uko wahagera

Burundi: CNC Isaba Abanyagihugu Kugenzura Ibimenyeshamakuru


Nestor Bankumukunzi akiri mu buyobozi bwa RTNB
Nestor Bankumukunzi akiri mu buyobozi bwa RTNB

Urwego rucungera itangazamakuru mu Burundi, CNC, rwatangaje kuri uyu wa gatanu ko abanyagihugu bagiye kuza baraterera mu gikorwa c’urwo rwego. Nestor Bankumukunzi arurongoye yatanze umurongo wa telefone ukoresha urubuga rwa WhatsApp kugira bazoze barashikiriza ivyo baneguye vyonyene. CNC ivuga ko ari mu ntumbero yo gukebura ibimenyeshamakuru amazi atararenga inkombe.

N’ubwo urwego CNC rusanzwe rusuzuma amakuru atangwa, ku munsi ku munsi, uyu arurongoye avuga ko abanyagihugu bafise intererano nini n’ubwo ata mategeko bazi ku mwuga wo kugenzura amakuru.

Nayo ku bibaza ko hoba harimwo intumbero yo kwaka ubwigenge abamenyeshamakuru, Nestor Bankumukunzi, arongoye urwego CNC avyamirira kure. Asigura ko ari mu ntumbero yo gutsimbataza ubwo bwigenge biciye mu gukurikiza amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG