Uko wahagera

Uburusiya Buzokwakira Ibiganiro vy'Abanyafuganistani


Abanyepolitike ba Afuganistani mu Biganiro mu Burusiya, itariki 6/02/2019
Abanyepolitike ba Afuganistani mu Biganiro mu Burusiya, itariki 6/02/2019

Abanyepolitike muri Afuganistani batavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’intumwa z’abarwanyi b’abatalibani bazohurira mu Burusiya ejo kuwa gatatu mu biganiro bigamije gutorera umuti intambara muri Afuganistani ihitana abantu buri munsi.

Iyo nama hagati y’abanyefuganistani ije mu gihe hamaze amezi Reta zunze ubumwe z’Amerika n’Abatalibani bari mu biganiro vyahagaze kuko abatalibani banse guhagarika intambara kiretse abasirikare mvamakungu barongowe na Amerika bavuye muri Afuganistani.

Ivyo biganiro hagati y’abanyafuganistani bizoba bibaye ivya kabiri abategetsi b’Abatalibani bahuye n’abatavugarumwe n’ubutegetsi bwa Afuganistani mu Burusiya.

Uburusiya bwiyemeje kugira uruhara rwa kidiplomasiya mu gufasha gutorera inyishu intambara muri Afuganistani mahoro, mu gukoresha ubucuti bwa hafi bufitaniye n’abatalibani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG