Uko wahagera

Abanyororo 42 Baricanye mw'Ibohero muri Brezil


Abaporisi hanze y'ibohero muri Brezil i Manaus.
Abaporisi hanze y'ibohero muri Brezil i Manaus.

Abanyororo bashika 42 barapfuye mu mabohero ane mu buraruko bwa Bresil ku musi wa mbere, nkuko bishikirizwa n’abategetsi, vyabaye inyuma y’umunsi umwe habaye ubwicanyi bwahitanye 15 muri rimwe muri ayo mabohero.

Abapfuye basa nuko babuze impwemu, nkuko reta ya Amazonas aho ayo mabohero yose ari yabishikirije.

Igihugu ca Brezil kiza ubugira gatatu mu bihugu bifise abanyororo benshi, aho mu kwezi kwa gatandatu 2016 abashika 726,712 aribo baharurwa ko bari mu mabohero.

Ubwinshi bw’imfungwa hamwe n’ubukene bw’abakozi mu mabohero bituma abategetsi b’amabohero batoroherwa kugenzura imbohe, ibituma vyorohera abagizi ba nabi gusomborotsanya no gutana mu mitwe, nkuko abategetsi babivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG