Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump kuri uyu wa mbere yabaye umutegetsi w’umunyamahanga wa mbere yabonanye n’igikomangoma gihoraho Naruhito, cashikiriye ubwo bwami itariki imwe y’uku kwezi kwa gatanu.
Trump n’umutambukanyi wiwe Melania Trump, yatanguye urugendo rw’iminsi ine mu Buyapani ku musi wa gatandatu, yatanguye bwite urwo rugendo ku musi wa mbere, aho yabonanye na Naruhito hamwe n’umutambukanyi wiwe Masako.
Kuri uyu wa mbere, Trump ategekanya kubonana n’umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe aho vyitezwe ko baganira ku guhanahana ibidandazwa hamwe n’ivy’ukwivuna abansi.
Imbere yuko Trump ava mu Buyapani ejo kuwa kabiri, azogendera ikambi y’abasirikare barwanira mu mazi y’i Yokosuka aho azoshikiriza ijambo abasirikare b’Amerika, mu gihe kuri uyu wa mbere Amerika yibuka abasirikare bagwiriye ku rugamba.
Facebook Forum