Uko wahagera

Centrafrika Iragandarira 50 Bishwe Muri iyi Ndwi


Perezida wa Republika ya Centrafrica, Faustin-Archange Touadera yatangaje imisi itatu y’ikigandaro kuva ejo kuwa kane ku bantu barenga 50 bishwe muri iyi ndwi mu bwicanyi bwabaye ku musi wa kabiri bwegekwa ku muhari witwaje ibirwanisho witwa 3R.

Ubwo bwicanyi bwabereye mu gisagara ca Paoua, mu buraruko bushira uburengero, hafi y’urubibe na Chad, bwabaye ubwa mbere bwahitanye abantu benshi kuva reta n’imihari 14 yitwaje ibirwanisho iteye umukono ku masezerano mu kwezi kwa kabiri yar’agamije kugarukana amahoro mur’ico gihugu.

Umugwi wa ONU wagiye kubungabunga amahoro muri centrafrika, MINUSCA, niwo wasubiyemwo ushira ibitigiri vy’abapfuye kuri 50, mu gihe ubwa mbere hari haharuwe abarenga 30.

MINUSCA hamwe n’abategetsi b’igihugu ku musi wa gatatu bahaye uwo muhari gushika ku mpera z’iyi ndwi kuzoba bamaze gutanga abakoze ubwo bwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG