Uko wahagera

Libiya: Abarwanya Reta Banse Guhagarika Intambara


Khalifa Haftar, arongoye abarwanya reta bari mu buseruko bwa Libiya, inyuma y'inama mpuzamakungu kuri Libiya, mu Bufaransa, itariki 29/05/2018.

Khalifa Haftar, arongoye umuhari wa gisirikare wo muri Libiya urwanya reta ya Tripoli yahakanye akamo yatewe na perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron ko guhagarika intambara, mu mubonano bagiraniye i Paris, ejo kuwa gatatu, nkuko bishikirizwa n’ibiro vya perezida, Champ Elysee.

Hafter yavuze ko ibisabwa kugira imirwano ihagarare bitarubahirizwa, agasaba ko ibiganiro vya poritike hagati yiwe n’uwo batavuga rumwe, umushikiranganji wa mbere Fayez al-Sarraj ariyo nzira yonyene yo guhagarika intambara.

Hagat’aho, umushikiranganji wa mbere wa reta y’i Tripoli, Sarraj yashikirije ejo ari i Tunis ko ata guhagarika intambara, abateye igihugu badasubije inyuma inteko zabo.

I Paris, Haftar ntaco yashikirije inyuma y’umubonano na Macron wamaze isaha, urugendo rukurikiye urwo yakoze i Roma mu ndwi iheze, mu biganiro n’umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, Giuseppe Conte.

Ubufaransa n’Ubutaliyano ni vyo bihugu bibiri biriko birafasha kurondera umuti w’umutekano muke uri muri Libiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG