Prezida wa Republika iharanira demokrasi ya Kongo, Felix Tshisekedi, yagumije Generali Celestin Mbala Musense, mu mabanga y’umukuru w’igisirikare c’igihugu yagenywe n’uwo yasubiriye, Joseph Kabila mu mwaka w’i 2018.
Tshisekedi yagenye Cardinal Gerard Mulumba avugakana na se wiwe, Etienne Tshisekedi mu mubanga y’ukuba ajejwe imirimo yo mu ngoro yiwe. Mulumba afise ikibanza kiri ku rugero rw’umushikiranganji. Ivyo Prezida Tshisekedi yabisohoye mw’itegeko ryasomwe uno musi ku wa gatatu kuri televiziyo ya Reta.
Igenwa rya Cardinal Gerard Mulumba ribaye gatoyi inyuma y’uko bitangajwe ko ikiziga ca Etienne Tshisekedi kizotahukanwa kandi ko ishingurwa ryiwe rizobera i Kinshasa hagati y’italiki 30 z’uku kwezi kwa gatanu n’italiki 1 y’ukwezi kwa gatandatu muri uyu mwaka.
Ikiziga ciwe cari kimaze imyaka irenga ibiri kiri mu Bubiligi kubera ukutumvikana n’intwaro ya Prezida Joseph Kabila ku vyerekeye ishingurwa ryiwe. Etienne Tshisekedi yitwavye Imana i Bruxelles mu Bubiligi kw’italiki 1 y’ukwezi kwa mbere mu mwaka w’i 2017.
Facebook Forum