Uko wahagera

Abashika Imiliyoni 2 Ntibagira Amazi muri Tripoli


Umugabo ariko aravoma amazi muri Libiya
Umugabo ariko aravoma amazi muri Libiya

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ritewe umutima uhagaze n’ikatwa ry’amazi ryatangajwe i Tripoli ku murwa mukuru wa Libiya.

Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric yashikirije ejo kuwa mbere ko umuhari witwaje ibirwanisho wateye ikibanza gikuru gitanga amazi mu murwa mukuru Tripoli hamwe no mu bindi bisagara vyo mu buraruko bushira uburengero, bisiga abanyagihugu bashika miliyoni zibiri batagira amazi.

Kuva mu kwezi kwa kane itariki 4, ibice vyo muri Tripoli no mu micungararo yaho vyinjiye mu ntambara aho Jenerali Khalifa Haftar, atanguriye gutera kugira yifatire Tripoli.

Gutanga amazi i Tripoli vyari mu bibazo, mu gihe abakozi bakora mur’ico gisata bahungishijwe kubw’intambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG