Uko wahagera

Sudani: Ibiganiro Vyongeye Kurangira Ntacavuyemwo


Abari mu myiyerekeno muri Sudani baturira amapine mu mabarabara, itariki 13/05/2019.

Abasirikare bari ku butegetsi muri Sudani hamwe n’abaserukira abari mu myiyerekano barananiwe kandi gushika ku mvumvikano ku guhuriza ku bazoja mu rwego ruzoba rurarongoye igihugu.

Impande zibiri zongeye gutangura ibiganiro ku musi w’Imana bigamije kwumvikana kuri reta mfatakibanza izoba irarongoye igihugu imyaka itatu inyuma yo gukura Omar al-Bashir ku butegetsi.

Nta ruhande na rumwe rwemeza igihe ibindi biganiro bizosubira gutangurira, ariko umwe mu ndongozi z’abari mu myiyerekano, Siddiq Yousef yabwiye abamenyeshamakuru ko ibiganiro bihagaze hagati yabo n’urwego rwa gisirikare rurongoye igihugu gushika hagize icumvikanywako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG