Uko wahagera

Amerika n'Abatalibani Bagirizanya Intambara muri Afuganistani


Intumwa z'Amerika n'Abatalibani mu Biganiro muri Afuganistani
Intumwa z'Amerika n'Abatalibani mu Biganiro muri Afuganistani

Abategetsi ba gisirikare b’abatalibani n’aba Reta zunze ubumwe z’Amerika baragirizanije ku mbuga ngurukana bumenyi kuba bateye kubiri n’utwigoro two kugarukana amahoro muri Afuganistani.

Uko kwagirizanya biciye ku rubuga rwa Twitter kubaye mu gihe intumwa z’Abanyamerika hamwe n’Abatalibani bamaze amezi bari mu biganiro bigamije kurangiza intambara muri Afuganistani.

Umuvugizi w’Abatalibani, Zabihullah Mujahid yavuze ku musi wa gatandatu ko Washington iteye kubiri n’umugambi w’amahoro. Yagiriza Amerika kuba ariyo yateye intambara imaze imyaka 17 muri Afuganistani.

Yari yishuye ivyashikirijwe n’umuvugizi w’igisirikare c’Amerika, Col Dave Butler yavuze ko Abatalibani ari bo basinzikaje abanyefuganistani bakeneye amahoro mu gihugu cabo.

Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’abo bafashanya binjiye muri Afuganistani mu 2001 kwirukana Abatalibani babagiriza guha indaro abategetsi ba al-Qaida bagirizwa ibitero vy’iterabwoba vyabaye ku butaka bwa Amerika mu 2001.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG