Uko wahagera

Burundi: Abantu 9 Barishwe Baguweko n'Umusozi mu Kayanza


Burundi
Burundi

Mu Burundi, Abanyagihugu bagera kuri 9 baraguweko n’umusozi aho bimba ubutare muri komine ya Kabarore y’intara ya Kayanza. Muri iyo mpanuka, abababa 20 barahakomerekeye.

Amakuru dukesha abanyagihugu b’abakunzi b' Ijwi ry' Amerika bo muri komine Kabarore y' intara ya Kayanza, amenyesha ko isanganya ridasanzwe ryahitanye abantu bagera kuri 9 aho bariko bimba ubutare.

Uko babimenyesha, iyo mpanuka yabaye mu masaha ya sasita ku musi wa gatandatu ikomotse ku musozi wabomokeye kubariko bimba amabuye y' agaciro yo mu bwoko bwa Coltan.

Mu bari muri ico gikorwa, abagera kuri 18 barahakomerekeye. Abasinzikaye cane baciye baja kuvurirwa ku bitaro bikuru vy'intara ya Kayanza. Ababonye iryo sanganya bemeza ko rishobora kuba ari ryo rya mbere rihitanye abantu benshi aho bimba ubutare, ariko bakavuga ko ritari ribaye irya mbere.

Isoko ryacu rimenyesha ko bamye basaba ababakoresha kubakingira igihe cose amasanganya nk' ayo yagiye araba, n'ubu bagasaba abo vyega bose gufata ingingo zibereye ku mvo z' umutekano w' abimba ubutare no gukingira kazoza k'imiryango yabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG