Uko wahagera

Sudani: Abasirikare Boba Bemeye Reta Irongorwa n'Umusivile?


Abari mu biganiro muri Sudani i Khartoum, Sudani, Ukwezi kwa gatanu, itariki 18, 2019.

Abategetsi ba gisirikare barongoye igihugu hamwe n’indongozi z’abari mu myiyerekano muri Sudani barasubiye mu biganiro ejo kuw’Imana kurangiza ishingwa rya reta nshasha ishobora kuzosubirira abajenerali bafashe ubutegetsi inyuma yo kwirukana Omar al-Bashir.

Uko gusubira mu biganiro kuje inyuma y’aho ibihugu bikomakomeye kw’isi bisabiye ko ari ngombwa ko amasezerano yo gushinga reta mfatakibanza afundikwa kugira ubutegetsi burongorwe n’abasivile nkuko bisabwa n’abanyagihugu bari mu myiyerekano.

Imbere y’ivyo biganiro vyo kuw’Imana abanyagihugu bari mu myiyerekano bashimitse gusaba ko iyo reta yotwarwa n’umusivile.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG