Uko wahagera

Igisasu Cakomerekeje Bamukerarugendo 16 muri Misiri


Abaporisi muri Misiri bariko bagenzura ahaturikirijwe igisasu i Giza.
Abaporisi muri Misiri bariko bagenzura ahaturikirijwe igisasu i Giza.

Abantu bashika 16 barakomekejwe n’igisasu giturika catewe kuri bus barimwo hafi y’ivyibutso vyo muri Misiri vyitwa piramide vy’ahitwa Giza ku musi w’Imana, nkuko vyashikirijwe n’abajejwe umutekano.

Abategetsi bavuze ko iyo bus yari itwaye ingenzi 25 nka zoze zigizwe n’abakerarugendo bamuka muri Afrika y’epfo.

Nta muhari uriyitirira ico bitero.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri abakerarugendo batatu bamuka muri Vietnamu hamwe n’umunyamisiri umwe yari abaherekeje barishwe igihe bombe yaterwa kuri bus barimwo hafi y’ivyo vyibutso vya Piramide.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG