Uko wahagera

Kameruni Abanyagihugu Bahisemwo Kwirwanira


Abanyagihugu mu myiyerekano mu ntara ya Bamenda.
Abanyagihugu mu myiyerekano mu ntara ya Bamenda.

Abanyakameruni mu ntara zivuga ururimi rw’icongereza, bavuga ko barambiwe n’intambara y’abashaka kwiyonkora, bavuga ko bariko barigwanako mu guhagarika abarwanyi bakabashikiriza igisirikare. Bamwe mu banyagihugu barashinze imihari yo kwirwanira mu mihana yabo bavuga ko bababajwe n’ababo bashika 2000 bamaze kwicwa.

Abarwanyi bane, bitwaje inkoho za mugobore barafashwe n’abanyagihugu, barakubitwa barashaya imbere yo guhabwa abasirikare ba reta.

Abarwanira kwiyonkora kuri Kameruni bavuga ko abo bafashwe atari abarwanyi babo.

Mu ndwi iheze, ibitero ku bakekwa kuba abarwanyi barwanira ukwikukira vyarabaye mu bisagara vya Mutengere na Tiko biri mu bumanuko bushira uburengero bwa Kameruni.

Intara zo mu buraruko no mu bumanuko bushira uburengero ziri mu ruhagarara kuva izo ntambara zitanguye. Abantu barenga 1,800 baramaze kwicwa, abandi bashika igice c’umuliyoni barataye ingo zabo bahungira hagati mu gihugu, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG